Uganda: Perezida Museveni yashyize Umukono ku itegeko rihana Abatinganyi n’Ubutinganyi

Perezida Yoweri Museveni wa Uganda yemeje integuro y’itegeko rihana imigenderanire mpuzabitsina hagati y’abantu babisangiye (abagabo canke abagore ku bandi), ryari ryemejwe n’inama nshingameteka muri uku kwezi, nk’uko vyemejwe n’umukuru w’inama nshingamateka.

Nyuma yo kurishyiraho umukono, icyari umushinga cyahise gihinduka itegeko.

Ubwa mbere ryari ryatowe mu kwezi kwa Ntwarante (3) ariko rica risubizwa mu nama nshingamateka kugira hagire ibihinyanyurwa.

Muri iryo tegeko rishasha, abagiriwe n’ubutinganyi – ubu busigaye busigura imibonano mpuzabitsina y’ababisangiye – bashobora guhanishwa gupfungwa ubuzima bwose.

Iryo tegeko rihanisha kandi kwicwa ivyaha bifatwa nk’ibirimwo inyongeracaha, ivyo ni mu gihe habaye ihohotera rishingiye ku gitsina rikorewe umuntu atarakwiza imyaka yo gukura, umuntu agendana ubumuga canke igihe uwukorewe icaha aba yandujwe indwara idakira.

Abantu bazosabwa kandi kumenyesha abategetsi ihohotera ry’ubutinganyi rikorewe abana n’abandi bantu b’intege nke.

Itegeko ubwa mbere ryahana kuba usa n’uwufise inyifato y’abahuza ibitsina n’abababisangiye, ariko ivyo vyarasubiwemwo inyuma y’aho perezida Museveni avugiye ko ivyo vyari gutuma hafatwa abantu kubera ingene basa.

Iryo tegeko ryiyamirijwe cane mu nteguro n’abatari bake n’ubu bashobora kwitura sentare barondera ko yoritesha agaciro.

Itegeko nk’iryo ryarashehwe na sentare ya Uganda ijejwe kwubahiriza ibwirizwa nshingiro mu 2014.

Leave a Reply

Your email address will not be published. Required fields are marked *